
Umukuru w’igihugu c’u Burundi ‘yaryamiye ukuboko kw’abagabo’ mu buryo butunguranye mu bitaro vyo mu ntara ya Karusi.
Nk’uko itangazo risohowe na leta ribimenyesha, urwo rupfu rwabaye ejo ku wa 08 z’ukwa gatandatu inyuma y’umutaga.
Iryo tangazo rivuga ko yahitanywe n’indwara y’icaduka yatumye umutima uhagarara.
Mw’iryo tangazo, leta ivuga ko ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 06 z’uku, Perezida Nkurunziza yiriwe ameze neza, mbere akaba yaragiye kurorera urukino rwa volleyball i Ngozi.
Riti : « Niho rero mw’ijoro ryo kuri uwo wa 06/06/2020 rishira uwa Mungu yumva atameze neza aca anyarukira ku bitaro vyo mu Karusi kwivuza ».
« Ku wa Mungu yiriwe ameze neza mbere aranaganira n’abantu ».
« Iryo tangazo rivuga ko ibintu vyagiye guhinduka mu masaha y’igitondo c’ejo k uwa mbere aho umutima wahagaraye.
Rivuga ko abaganga bagerageje kumuhembura ariko bikaba ivy’ubusa.
Leta y’u Burundi yatangaje ikigandaro c’iminsi ndwi.
Urwo rupfu ruje inyuma y’iminsi itari mike hari amakuru yakwiriye ku mbuga ntangamakuru ko hari bamwe mu bategetsi muri leta y’u Burundi boba baranduye coronavirus.
Mu bavugwamwo harimwo n’umuryango w’umukuru w’igihugu, ariko ayo makuru yose akaba yarahakanywe.
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza igenekerezo 28 z’ukwezi gushize kwa gatanu yatwawe i Nairobi muri Kenya kuvurwa indwara itaramenyekana gushika ubu.
Mu mpera z’indwi iheze, humvikanye ubutumwa (audio) bivugwa ko ari ubwa Madamu Nkurunziza yarungikiye abasengera mu rusengero rumwe na we, abamenyesha ko amaze gutora mitende kubera ko bamusengeye.

Muri ubwo butumwa ntavuga aho arwariye.
Kw’igenekerezo rya 20/08/2020, Bwana Nkurunziza yagomba guhererekanya ubutegetsi na Evaritse Ndayishimiye aheruka gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi guheze.
Nkurunziza ni muntu ki?
Pierre Nkurunziza ubu w’imyaka 55, se wiwe yarabaye umushingamateka mu nama nshingamateka y’u Burundi yicwa mu bwicanyi bwo mu 1972, nawe arokoka ubwicanyi bwo mu 1993, ico gihe akaba yari umwigisha kuri kaminuza y’u Burundi, maze aca yinjira mu nyeshamba zitwa FDD zegukira umuhari CNDD.
Mu 2003 izi nyeshamba zateye igikumu na Leta ku masezerano y’amahoro ya Arusha yumvikanyeweko mu 2000 zinjizwa muri leta, Pierre Nkurunziza yari umuyobozi wazo agirwa umushikiranganji w’intwaro ibereye.
Igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa munani 2005 yatowe ku rugero runini n’abari bagize inama nshingamateka, aca arahira ku wa 26 z’uko kwezi nyene, aba umukuru w’igihugu agira umunani w’u Burundi.
Bwana Nkurunziza yari yubakanye na Denise Bucumi Nkurunziza bakaba bari bafise abana batanu.
None hagiye gukurikira iki?
Hari amakuru ariko aravugwa ko Pascal Nyabenda arongoye Inama nshingamateka yoba ariko yitegura kurahizwa kugira ngo amusubirire mu kurindikra kouwatowe ashikirizwa amabanga.
Nk’uko ibwirizwashingiro rushasha ryo ku wa 17 z’ukwa gatanu 2018 ribitegekanya mu ngingo yayo ya 121,
“Mu gihe Umukuru w’igihugu atanze imihoho, asandavye canke hari iyindi mvo iyo ari yo yose imubuza kuba akirangura amabanga ajejwe, mu kurindiria uwundi mushasha, asubirirwa n’Umukuru w’Inama Nshingamateka”.